NEWS

Umunonotsi Francine Niyonsaba yakuwe mwihiganwa Diamond-League

By

on

Ni inkuru y’umubabara k’umunonotsi Francine Niyonsaba n’Abarundi yahora azanira imidari n’Uburundi bukavugwa mu makungu n’ibendera rikaduga mu makungu. Francine Niyonsaba yamenyeshejwe ko atazoja mw’ihiganwa Diamond-League rizobera mu gihugu ca Suède mu gisagara ca Stockholm. Iryo higanwa rikazotangura kw’itariki 30 rusama.

Francine Niyonsaba cokimwe n’abanonotsi batatu b’abanyafrika b’igitsina gore aribo Semenya Caster ava mu gihugu ca Afrika Yepfo na Margaret Wambui ava mu gihugu ca Kenya bakuwe mur’iryo higanwa bakaba bagirizwa kuba bafise urugero runini rw’igice c’abagabo arico bita testostérone mu gifaransa.

Francine Niyonsaba kur’urubuga ngurukana bumenyi bwiwe kuri facebook yamenyesheje ko kuva akiri muto yimenyereza kabiri kumusi kandi kwatanarimwe asiba imyimenyereza akavuga ko ariho akura ubukomezi bwiwe.

Francine Niyonsaba akaba amaze gutahukana imidari myinshi mpuzamakungu harimwo umudari w’umwakaka yaronkeye mu gihugu ca Brésil mumahiganwa y’isi yose bita Jeux Olympique asizwe na Caster Semenya, Margaret Wambui acaba uwagatatu.

Ukaba wabaye umudari wakabiri muri Jeux Olympique Uburundi bwari buronse inyuma y’umudari w’inzahabu wazanywe n’umunonotsi Venutse Niyongabo yaronkeye mu gihugu ca Leta zunze Ubumwe bwa Amerika mu gisagara ca Atlanta mu mwaka w’i 1996.

Abajejwe amahiganwa ya Diamond League bagasaba abanonotsi Francine Niyonsaba, Caster Semenya na Margaret Wambui ko boja kwa muganga bakagabanya ico bita testostérone mu mubiri wabo. Ico naco kigatuma basa n’abagabo.

Recommended for you