NEWS

Umumenyereza w’Intamba m’Urugamba araremesha abarororezi

By

on

Olivier Niyungeko, umumenyereza mukuru w’Intamba m’Urugamba amenyesha ko bibaho gutsindwa kandi bishikira imirwi myinshi y’imipira y’amaguru kandi ikomeye cane kw’isi. Ivyo akaba yabivugiye mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kur’uyu wa mbere. Aho ni mugihe kumusi w’ejo kuwa kabiri Intamba m’Urugamba zizohura n’umurwi nserukira gihugu wa Maroc.

Ivyo akaba yabivuze kubibazo vy’abamenyeshamakuru aho babaza igituma umurwi nserukira gihugu Intamba m’Urugamba ziguma zitsindwa mu nkino nyinshi zimaze gukora. Olivier Niyungeko nawene yigeze gukina mu Ntamba m’Urugamba yamenyesheje ko n’ibihugu vyarutura mu mupira w’amaguru bihora bishika bikagera mu bihe bigoye ariko bakabandanya bubaka imirwi yabo.

Asaba abarororezi kwizera no kurera kuvuga amajambo yo kwihebura. Urwo rukino ruzoba ejo ku mus iwa kabiri rukaba ruri mu mahiganwa yo gukurakuranamwo mu ntumbero yo gutora imirwi nserukira bihugu izoja guhiganirwa igikombe ca Afrika. Uburundi bukaba buheruka gutsindwa na Centrafrique mu gisagara ca Bangui. Benshi bakabona ko umurwi wa Maroc ukomeye gusumba Centrafrique abandi nabo bakizera ko umurwi nserukira gihugu w’Uburundi ushobora kuvyifatamwo neza.

Recommended for you