NEWS

Umumenyereza w’Intamba mu Rugamba avuga ko abakinyi biwe bitanze

By

on

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru b’iradiyo  BBC  y’abongereza, umumenyereza Olivier Niyungeko yamenyesheje ubushuhe buri mu gihugu ca Missiri ari intambamyi ku bakinyi aho baca baruha ningonga. Olivier Niyungeko batazira Mutombola amenyesha ko abonye uwunaniwe aca amusubiriza kubera ubwo bushuhe nyene.

Umumenyereza w’Intamba mu Rugamba akavuga ko abakinyi biwe bitanze cane murukino rwabahuje na Madagascar kur’uyu wa kane naho itsinzi itabonetse. U Burundi na Madagascar akaba aribwo bwambere binjiye mu mahiganwa ya nyuma ya CAN.

U Burundi bukaba busigaje gukina kur’uyu w’Imana na Guinée Conakry, Olivier Niyungeko akavuga ko intumbero ari gutsinda urwo rukino canke bakanganya. Aho U Burundi bushobora gutorwa mu bihugu bitatsinzwe ibitsindo vyinshi maze U Burundi bukinjira mu gice gikwirikira.

Recommended for you