NEWS

Umukuru w’urunani AMIZERO Y’ABARUNDI i Mwaro apfunzwe yagirizwa iterabwoba

By

on

Umukuru w’urunani rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Uburundi, AMIZERO Y’ABARUNDI ari mw’ibohero kuva kuri uwu wa gatanu w’indwi iheze. Fabien MAHERA yahagaritswe kw’itegeko rya Musitanteri wa komine Nyabihanga, akaba amaze iminsi itanu mu gasho yagirizwa iterabwoba.

Musitanteri w’iyo komine ya Nyabihanga intara ya Mwaro yamwagirije ko yamugizeko iterabwoba. Aho ni inyuma y’aho abwiriye uwo musitanteri ko afise amakuru ko hari umurwi w’abantu bariko bategura gukora iterabwoba ku banywanyi b’urunani AMIZERO Y’ABARUNDI bahorwa ko batoye OYA mu matora y’ibwirizwa shingiro rishasha riheruka kwemezwa n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA kw’igenekerezo rya 7 Ruheshi 2018 i Bugendana mu ntara ya Gitega.

Mu runani rw’Abigenga AMIZERO Y’ABARUNDI rurongowe na RWASA Agathon bariyamiriza ipfungwa ry’umukuru w’urwo runani mu ntara ya Mwaro. Muri urwo runani bemeza ko ata kindi uwabo ariko arazira atari ivyiyumviro vyiwe vya poritike, bagasaba ko yorekurwa. Basaba kandi ko abantu boreka gutotezwa kubera ivyiyumviro vyabo vya poritike, kuko Uburundi ari igihugu kiri mu ntwaro rusangi (Democratie).

Recommended for you