Monday, May 29, 2023
HomeNewsUmukuru w'umugambwe CNDD FDD ngo yabereye igihemu abo barikumwe mu nama

Umukuru w’umugambwe CNDD FDD ngo yabereye igihemu abo barikumwe mu nama

bdi_cndd_fdd_burundi2015

Kubwa bamwe ngo Umukuru w’umugambwe wa CNDD FDD Nyabenda Pascal yabereye igihemu abari bajanye nawe mu nama yari yahuje abatari bake bakomakomeye muri uwo mugambwe aho hari ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 14 ntwarante mu nyubakwa zisanzwe zibamwo Pr. Petero nkurunziza. Ico bariko bayaga harimwo ikibazo c’ugusubira kandi kwitoza kw’umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre Nkurunziza.

Mu makuru ikinyamakuru canyu gifise nuko uno mukuru w’umugambwe wa CNDD FDD mu nyuma y’isaha cumi n’imwe binjiye muri iyo nama Nyabenda Pascal akaba yahavuye ahindura ivyo yari yemereye abo vyarikumwe ko ata numwe yemerera umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza ko yosubira kwitoza, ariko akubitiye ku gitsure c’Umukuru w’igihugu yahavuye asokora kuvyo yari yavuze.

Mwibuke ikibazo carabiwe hamwe umwanya munini ari ikibazo kijanye n’ukwitoza kandi kw’umukuru w’igihugu c’uburundi canavuzweko ibitari bike nk’ukutaraba minenerwe ibijanye n’imyierekano ishobora kuba mu burundi yitabiriwe n’abandi nka bose bava mu mice itandukanye y’igihugu. Hakaba hemewe kuzoshirwa ahabona ku musi wa kabiri igenekerezo rya 17 ntwarante umurwi wo muri CNDD FDD uzoba ujejwe gutorera umuti ico kibazo.

Must Read