NEWS

Umukuru w’Ishirahamwe mvamakungu yirukanwe mu Burundi.

on

Ku wa 23 Gitugtu, hari umukuru w’ishirahamwe mvamakungu yirukanwe mu Burundi. Iryo shirahamwe ryiyita 11.11.11 risanzwe rikorana n’amashirahamwe atandukanye mu Burundi nka za OAG, PARCEM, OPA, REJA, BIRATURABA.

Iryo shirahamwe rikamenyesha ko uwo mukuru ariserukira hano ku Burudndi yahawe amasaha 24 abe yavuye mu Burundi inyuma y’aho ashikiye ku kibuga c’indege ca Bujumbura avuye mu gihugu c’Urwanda.

Izo zikaba ari ingaruka z’umubano mubi hagati ya leta y’Uburundi n’amashirahamwe mvamakungu yugariwe gukora mu Buurundi guhera ku wa 1 Gitugutu 2018 gushika muri Kigarama 2018.

Uwo yirukanwe, Bogdan Vanden Berghe(kw’ifoto), asanzwe aserukira iryo shirahamwe yamenyesheje ati: ” Tumaze imyaka irenga 20 dukorera mu Burundi…dukorana n’abadufasha mu bikorwa vyacu kugira duteze imbere demokrasi, intwaro ibereye hamwe n’agateka ka zina muntu”.

Uwo yari arongoye iryo shirahamwe avuga kandi ko iyo ngingo yafashwe na Leta y’Uburundi itabangamira cane cane amashirahamwe ahubwo ko ‘abanyagihugu b’Uburundi aribo bahura n’ingaruka zibabaje z’iyo ngingo’.

Recommended for you