INTERNATIONAL NEWS

Umukuru w’ingabo za FDLR yaragandaguwe muburaruko bwa Kivu

By

on

Akaba yitwa Sylvestre Mudacumura, akaba yariko araronderwa na Sentare mpanavyaha mpuzamakungu yi Lahe, aho ni kuva mu mwaka wa 2012. Amakuru ariko aca mu bimenyeshamakuru vyinshi avuga ko Sylvestre Mudacumura yishwe mw’ijoro ryo kuwa kabiri ushira uwagatatu muri chefferie ya Bwito mu buraruko bwa Kivu nkuko vyemezwa n’abajejwe umutekano muri Congo ya RDC.

Sylvestre Mudacumura akaba yagirizwa ivyaha vyagahomeramunwa vyo mu ngwano yakoze mu myaka ya 2009 na 2010 muri Kivu. Akaba yishwe mu gitero cakozwe mu buryo butaramenyekana. Akaba yishwe arikumwe n’abamufasha bamwegereye ku rugamba, nkuko bivugwa na Général Richard Kasonga mu kimenyeshamakuru Jeune Afrique.

Sylvestre Mudacumura akaba yavukiye mu gihugu c’Urwanda, akaba yari mubacungera umutekano uwahoze atwara ico gihugu Président Juvenal Havyarimana, akaba yari umusirikare wico gihugu ku ntwaro ya Havyarimana, abo bita aba FAR (Forces Armées Rwandaises). Abagwanyi ba FDLR bakaba bagwiriye mw’ishamba ryimeza rya Virunga ahegereye akarere ka Rutshuru kuva habaye ihonyabwoko mu gihugu c’Urwanda mu mwaka wa 1994 haheze umwanya muto harashwe indege yarimwo Président Havyarimana na Président Ntaryamira w’Uburundi.

Recommended for you