NEWS

Umukuru w’igiporisi ku musozi Kivumu intara ya Bururi yishwe

By

on

Umukuru w’ikirindiro c’igiporisi ku musozi Kivumu, komine Mugamba, intara ya Bururi yishwe arashwe n’abasirikare mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 5 Nyakanga 2018. BPC1 HAKIZIMANA Raymond yitavye Imana mu masasu yumvikanye muri ako karere, nk’igihe c’isaha zitatu n’iminota mirongo itatu.

Amakuru dukura muri komine Mugamba avuga ko intango ya vyose ari abasirikare bagiye muri kamwe mu kabare kari muri komine Mugamba, babwira abariyo ko babonye abitwaje ibirwanisho muri ubwo bunywero. Mu gihe bariko barabasaka, bamwe mu bantu baba hafi y’ubwo bunywero batabaje abaporisi bababwira ko batewe n’abitwaje ibirwanisho.

Abo baporisi bashitse, bakiriwe n’amasasu y’abasirikare, bararasana akanya kari gato. Muri ayo masasu, BPC1 HAKIZIMANA Raymond, umukuru w’ikirindiro c’igiporisi ku musozi Kivumu, komine Mugamba yarishwe. N’uwundi muporisi azwi kw’izina rya APC BARIKORE Gaspard yarakomeretse ku kuguru.

Umukuru w’igiporisi mu karere k’intara ya Bururi, hamwe n’umukuru w’igiporisi bazindukiye ahabereye ukwo gutana mu mitwe, kugira batohoze ingene vyagenze, n’icatumye abo basirikare barasana n’abaporisi.

Recommended for you