NEWS

“Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza, Azotwara Gushika Yezu Agarutse”, Niko Abari mu Myiyerekano Baririmvye.

on

Harateguwe imyiyerekano yakozwe ku musi wa gatandatu itariki 3 Ruheshi 2017 mu gushigikira ivyavuye mu nama ya 18 ya EAC yabaye itariki 20 Rusama 2017 I Dar Es Salaam muri Tanzania. Abatavuga rumwe na Leta bobo babona ko hari ikindi kintu cinyegeje inyuma y’iyo myirekano yabaye mu ndwi iheze.

Turetse intumbero zatumye iyo myiyerekano ikorwa, hari indirimbo nyinshi zitandukanye zakoreshejwe zongera zirarimbwa. Nkuko inkuru ibimenyesha, Uwari ahagarariye iyo myiyerekano, yarahagaze imbere yahahoze hakorera Radio Bonesha FM( Ubu Yugawe kuva mu 2015), maze aca atangura kuvuga gutya: “ Haraheze imyaka ibiri, akarwi k’inkozi z’ikibi kinjiye muri iyi Radio maze gatangura kuririmba ururimbo rw’igihugu maze bavuga ko batembagaje ubutegetsti”. Yaciye yongerako ati : Maze ndavuze mw’izina ry’Imana ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza azotwara gushika Yezu agarutse”.

Haramazwe kuvugwa ibitari bike kuri aya majambo yavuzwe mu ndwi iheze. Benshi baribaza mu vyukuri nimba Pierre Nkurunziza agomba kwigumiza ku butegetsi nkuko vyaririmbwe mu ndwi iheze.

Iyo myiyerekano yari yitabwe n’abantu Isinzi mu gisagara ca Bujumbura.

Umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Jean Claude Karerwa amenyesha ko ari icipfuzo gusa c’abanyagihugu c’uko Pierre Nkurunziza yotwara ibihe vyose. Kubwa Karerwa, izo ndirimbo zarakoreshejwe kuko hari umwidegemvyo wo kuvuga mu Burundi. “Nkuko atari umukuru w’igihugu yateguye iyo myiyerekano, abari bagize uruhara mwiyo myiyerekano nibo bobazwa ivyo baririmvye”, niko Karerwa amenyesha.

Ku bwa Tatien Sibomana wo mu mugambwe UPRONA utavuga rumwe n’ubutegetsi, abariko baririmba izo ndirimbo ntibazi ico baririmba. “Nkurunziza ntazotwara ibihe vyose nkuko bavyipfuza kuko impera nimperuka abantu biwe nyene nibo bazomwiyirukanira”, niko Sibomana amenyesha.

Ku bwa Jean de Dieu Mutabazi, arongoye RADEBU, abona ko abaririmvye izo ndirimbo ari indoto yabo ko Nkurunziza yotwara ibihe vyose. “ Baritiranya Umugambwe hamwe n’umuntu. Si Pierre Nkurunziza Azoguma atwara ahubwo ni umugambwe wiwe…kuko mu Burundi kugira ube umukuru w’igihugu bisaba ko uhiganwa n’abandi nkuko Ibwirizwa-Shingiro ribisaba”, niko Mutabazi avuga.

Recommended for you