NEWS

Umukuru w’igihugu Nkurunziza ntashimishwa n’ingene ivy’ubutare butunganijwe

By

on

Ivyo vyavugiwe mu nama Umukuru w’iguhugu, Petero Nkurunziza, yakoranye n’abari muri urwo rwego mu ntara ya Bururi muri komine Kiremba. Nkuko bivugwa na Jean Claude Karerwa, umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, ico gisata ntigikingira uko bikwiye ibidukikije kandi ngo ico ico gisata gitegerezwa kwungukira abarundi bose.

Umukuru w’Igihugu, Petero Nkurunziza, yaciye asaba ko ubushikiranganji bw’ubutare n’agataka ko bwotunga ibiganiro ku mboneshakure aho bazosigurira ingene amahera y’agaciro aba yavuye mur’ubwo butare agarukanwa mu kigega ca Leta. Umukuru w’igihugu aramenyesha kandi ko hagiye gushingwa ishure ryigisha ivyo gucukura ubutare.

Jean Claude Karerwa avugira umukuru w’igihugu avuga ko hasabwe ko ico gisata cokurwamwo akajagari. Iyo nama nayo ngo ikaba yariyo kurabira hamwe ko ivyashitsweko mu nama zabereye muri komine Itaba mu ntara ya Gitega n’iyabereye i Ngozi vyashitsweko.

Mwomenya ko mu ntara ya Cibitoke na Muyinga hadutse imyidogo y’abenegihugu bavuga ko babujijwe kwimba inzahabu n’amashirahamwe yatsindiye isoko ryo kwimba inzahabu mur’ubwo burere.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply