NEWS

Umukuru w’igihugu ca Somalia mu rugendo i Bujumbura.

on

Umukuru w’igihugu ca Somalia aritezwe i Bujumbura mu Burundi mu Rugendo kuri uyu musi wa 18 ruhuhuma 2019. Ivyo bishitse mu gihe abasoda b’Abarundi bashika 1000 bimirijwe gukurwa muri Somalia.

Biritezwe ko azoyaga na mugenziwe w’Uburundi, Petero Nkurunziza. Igihugu ca Somalia kirafise amakenga ku kuntu abasirikare b’Abarundi bashobora kuvanwa mu gihigu ca Somalia bashika 1000.

Somalia irafise amakenga ko bavuyeyo ya mirwi ya bageterabwoba nka  Al Shabab ishobora guca isubira mu kibanza abasirikare b’Abarundi bahoramwo.

Biritezwe kandi birashoboka cane ko umukuru w’igihugu ca Somalia aganira na leta y’Uburundi kuri ukwo gukurwa muri Somalia.

Uburundi na Somalia bakaba badashigikiye ukwo gukurwa muri Somalia kw’abasirikare b’Uburundi muri iyi Ruhuma 2019.

Iyo ngingo yo kuvana muri Somalia ikaba yafashwe na ONU hamwe n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika kugira ngo umugambi wiyemejewe wo kugabanya abasirikare muri Somalia ushirwe mu ngiro.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply