Kuri uno wa gatatu niho umukuru w’igihugu ca kenya Uhuru Kenyatta yarenguka imbere ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i la haye m’ubu hollande. uwo nawe akaba yagirizwa ivyaha vy’ubwicanyi bwakuriye amatora yabaye mu mwaka wa 2007 na 2008 inyuma y’amatora .Uhuru kenyatta akaba ari umukuru w’i gihugu wambere arengukijwe niyo sentare akiri kubutegetsi.
Iyo sentare ikaba imenyesha ko reta ya kenya itariko iraborohereza igikorwa kuko hari ivyagirizi bimwe reta ya kenya yanse gutanga ivyo navyo bikaba ari amahera Uhuru kenyatta yakuye muma banki hamwe n’ ivyo yavugana kuri terefone yiwe muri gihe arivyo bishobora kwerekana uruhara rwiwe murivyo vyabaye aho muri kenya.
Mugihe Fatou Bensouda umushikirizamanza mukuru wiyo sentare mpuzamakungu mpanavyaha avugako atavyagirizi bikwiye bafise, Uhuru Kenyatta amenyesha ko umutima wiwe uratekanya ngo kuko atakimwagira .Uhuru Kenyatta akamanyesha ko yarengutse kugatwe kiwe .
Twobamenyesha ko abantu bangana 1200 aribo bahitanywe n’ ubwo bwicanyi bufatiye kumoko aho naho ni kuva mu mpera z’ukwezi kwa Kigarama umwaka w’2007 murico gihugu ca Kenya. Urwo rubanza rwategakanije gutangura mu mwaka w’2013 ivyo navyo bikaba bitashoboye gukunda ngo kuko reta ya Kenya yagumye yegeza inyuma urwo rubanza