Thursday, June 8, 2023
HomeNewsUmukuru w'igihugu azohava asanga igipolisi n'igisoda vyamuvuye inyuma

Umukuru w’igihugu azohava asanga igipolisi n’igisoda vyamuvuye inyuma

Pacifique-Nininahazwe-du-Focode
Pacifique Nininahazwe

Mu kiganiro abaduserukira co kui uyu wa gatandatu kuri RPA Pacifique Nininahazwe yamenyesheje ko nkahamwe umukuru w’igihugu atohindura uwo mugambi wo kugomba kwitoza ubugira gatatu ngo azohava asanga n’abo yibaza ko bazomukurikira nk’igipolice n’igisota ata na kimwe kikimuri inyuma. Ivyo akaba yabivuze yisunzi uburorero bw’ibindi bihugu aho abakuru b’ibi bihugu baciye muri ivyo bibazo bisanze izo nguvu atazo bafise zafashije abanyagihugu gukoma induru.

Muri ico kiganiro nyene akaba yahavuye amenyesha ko umunezero ari wose kwumva ko ivyo bamaze igihe barwanira(ibibazo vy’abanyagihugu) hari abavyumva bakabishikiriza mu mugambwe CNDD FDD usanzwe uri ku butegetsi naho batabivugira ku mugaragaro. Ngo kuba hari umurwi w’aba CNDD FDD wubahuka ukandikira umukuru w’igihugu kuri ivyo bibazo ngo nta nkeka ibibazo bafise no muri CNDD FDD barabifise.

Twokwibukanya ko Pacifique nininahazwe ari mu biyemeje kurwanya ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.

Must Read

Perezida wa Kenya William Ruto asaba bagenzi we ba Afrika gutera...

0
Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto asaba bagenzi we bo ku mugabane wa Afrika gutera intambwe ikomeye igana mu bijanye no guheba gukoresha idorare...