NEWS

Umukuru w’amasendika COSYBU arashima ingingo zafashwe n’Umukuru w’igihugu

By

on

Tharcisse Gahungu, umukuru w’ihuriro ry’amasendika COSYBU arashima ingingo zafashwe n’Umukuru w’igihugu mw’ijambo ryiwe ryo kur’uyu w’Imana aho Abarundi buca bahimbaza imyaka 57 ihaciye Uburundi bwikukiye.

Tharcisse Gahungu amenyesha yakiriye neza ingingo yo guhagarika gukata ku mishahara y’abakozi amafaranga yo guterera amatora, ubu hakazoterera uwushaka.

Tharcisse Gahungu yarashimishijwe kandi nuko uturusho kumishahara tugiye gusubira guhabwa abakozi ba leta inyuma y’imyaka ine duhagaze. Umukuru w’amasendika COSYBU arashimana kandi ko amafaranga yo guherekeza umukozi wa leta yitavye Imana yongerejwe.

Tharcisse Gahungu avuga ko yakiriye neza ko abakozi ba leta bakukurutse agahembo kabo kagiye kwongerezwa. Tharcisse Gahungu agasaba ko izo ngingo zoja mu ngiro hadaciye umwanya munini.

Recommended for you