MUSIC

Umukuru w’abaririmvyi Memba yaritavye Imana

By

on

Inyuma yaho atemaguriwe hakoreshejwe imipanga n’abantu bataramenyekana muri quartier Kibenga, zone Kinindo ku musi wa gatanu itariki 23 ruhuhuma uyu mwaka, Sibavimbere Bruno batazira Memba yaraye yitavye Imana kur’uyu wa gatanu mu bitaro Roi Khaled.

Bruno Sibavimbere akaba yavutse mu mwaka wi 1965, akaba yatanguriye umwuga wiwe mu murwi Amabano warushigikiwe n’Ubushikiranganji bw’imicokama n’inkino. Akaba yavuza cane ingoma zikizungu.

Mu nyuma niho yatorwa ngw’arongore ishirahamwe ry’abaririmvyi bise Amicale des musiciens, aho yagwaniye cane agateka ka baririmvyi gushika aho hatorwa itegeko rikingira abaririmvyi n’ibindi bikorwa vy’abafise impano zitandukanye.

Aho naho wasanga ibikorwa vy’abaririmvyi biriko biradandazwa mu masoko umuririmvyi ataco aronkako ata n’uruhusha yatanze, ivyo bikaba vyaragwanijwe cane n’ishirahamwe Amicale des musiciens naho gushika ubu bakibandanye kuzigurisha no kuzivuza biciye muri nyabwonko umuririmvyi ataco aronkako.

Bruno Sibavimbere akaba yaragiye mu mahiganwa menshi mpuzamakungu y’umuzika akaba kandi yararirimbanye n’abaririmvyi bakomeye nkaba Canjo Amisi, Nikidave, Afrika Nova n’abandi ….

Mwomenya kw’ibiteramo vyose vyari biteguwe mur’iyi misi vyaraye birahagarikwa mu ntumbero yo kugandarira uwo mukuru w’ishirahamwe ry’abaririmvyi Bruno Sibavimbere batazira Memba.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply