NEWS

Umukuru wa HCR amenyesha ko ‘uguhunguka ari ku bushake’.

on

Umukuru w’ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi, HCR, ariwe
Filippo Grandi , yaragize urugendo mw’ikabi ya Nyarugusu, ejo kuwa 8 Ruhuhuma 2019, isanzwe ibitse impuzi z’Abarundi barenga 150 000 bahunze kuva hadutse intureka mu Burundi mu 2015.

Mw’ijambo Filippo Grandi yashikirije mu nkambi ya Nyarugusu, nk’uko bisomwa ku rubuga rwa HCR, Filippo Grandi yarashimye utwigoro twa Tanzania ku kuntu yitaho impunzi ziri muri iyo kamdi, ariko kandi amenyesha ko ‘hari ibitagenda neza ku bw’izo mpunzi’.

Filippo Grandi (Picture credit: UNHCR)

Filippo Grandi yamenyesheje kandi ko hari abarundi bamwe bamwe bahitamwo guhunguka bafashijwe na HCR. “Uguhunguka ni ku bushake, nta numwe ashobora guhatwa ngo ahunguke ku nguvu“, niko Filippo Grandi yamenyesheje.

Filippo Grandi akaba yaragize n’urugendo i Dar es Salaam aho yabonanye na Benjamin Mkapa, uwahora ari umufasha mu biganiro bihuza Abarundi ariko aheruka kumenyesha ko yatanze imihoho kubera yaba EAC na leta y’i Gitega ‘batamufashije mu twigoro two guhuza Abarundi’.

Filippo Grandi mu kiyago yagiranye na Mkapa yaravuze ko akenguruka utwigoro twa Mkapa mu gikorwa ciwe co guhuza Abarundi, maze amenyesha ko acizeye ko ibikorwa vyo guhuza Abarundi bizogira ico bishitseko.

Recommended for you