Umukuru w-igihugu c-uburundi asaba ko abarundi batoterwa ubwoba na rusansuma rwimirije mu mwaka uza w-2022 ngo bace bahunga igihugu nkuko vyama vyibonekeza iyo hama himirije bene ico gikorwa. Perezida Varisito Ndayishimiye yabishikirije kuri uyu wa gatanu igihe yariko atanguza icese urwo rusansuma rw-abantu , uburaro,uburimyi n-ubworozi.
ˮAbarundi iyo bumvise Rusansuma , bama bagira ubwoba kuko bibaza ico igamije, ivyo bikava kuri kahise igihugu caciyemwo‟ Niko Perezida Ndayishimiye yavuze.
Kubw-umukuru w-igihugu c-uburundi, iyo rusansuma ija mu bikorwa vyo kurwanya ubukene mu gihugu,arico gituma abona ko uwutoyitabira ashobora gufatwa nk-uwutari mu gihugu c-uburundi. Ahamagarira abarundi bose kuzokwisunga ibizovamwo kugira ngo bahindure ingendo hanyuma bikubite agashi , baterere mu gushira mu ngiro umugambi wa Leta wo kuvyara ku rugero.
Tubamenyeshe ko iyo rusansuma yari itegekanijwe mu mwaka w-2018 igiye gutangura mu mwaka uza w-2022, ikaba izotwara uburyo bwa miriyaridi 49 z-amafaranga y-amarundi.