Thursday, June 8, 2023
HomeNewsUmukuru w-igihugu c-uburundi asaba ko abarundi batoterwa ubwoba na rusansuma rwimirije ...

Umukuru w-igihugu c-uburundi asaba ko abarundi batoterwa ubwoba na rusansuma rwimirije rwo mu 2022.

Umukuru w-igihugu c-uburundi  asaba ko abarundi batoterwa ubwoba na rusansuma rwimirije mu mwaka uza w-2022 ngo bace bahunga igihugu nkuko vyama vyibonekeza iyo hama himirije bene ico gikorwa. Perezida Varisito Ndayishimiye yabishikirije kuri uyu wa gatanu igihe yariko atanguza icese urwo rusansuma rw-abantu , uburaro,uburimyi n-ubworozi.May be an image of 2 people and text that says 'Lancem la Pop'

ˮAbarundi iyo bumvise Rusansuma , bama bagira ubwoba kuko bibaza ico igamije, ivyo bikava kuri kahise igihugu caciyemwo‟ Niko Perezida Ndayishimiye yavuze.

Kubw-umukuru w-igihugu c-uburundi, iyo rusansuma ija mu bikorwa vyo kurwanya ubukene  mu gihugu,arico gituma abona ko uwutoyitabira ashobora gufatwa nk-uwutari mu gihugu c-uburundi. Ahamagarira abarundi bose kuzokwisunga ibizovamwo kugira ngo bahindure ingendo hanyuma bikubite agashi , baterere  mu gushira mu ngiro umugambi wa Leta wo kuvyara ku rugero.

Tubamenyeshe ko iyo rusansuma yari itegekanijwe mu mwaka w-2018 igiye gutangura mu mwaka uza w-2022, ikaba izotwara uburyo bwa miriyaridi 49 z-amafaranga y-amarundi.

 

 

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...