Wednesday, February 8, 2023
HomeNewsUmukuru w-igihugu c-uburundi aremeza ko hari abajejwe umutekano banyuruza abantu mu Burundi.

Umukuru w-igihugu c-uburundi aremeza ko hari abajejwe umutekano banyuruza abantu mu Burundi.

Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye yaremeye koko mu Burundi hari abantu banyuruzwa munyuma bakaburwa irengero. Perezida Ndayishimiye avuga kandi ko mu bakora ico caha harimwo abo mu nzego z-umutekano. Yabishikirije kuri uyu wa 29 kigarama 2021 igihe yariko agirana ikiganiro kidasanzwe n-abamenyeshamakuru hamwe n-abanyagihugu ku kibuga citiriwe INTWARI kiri mu gisagara ca  Bujumbura.Image

« …hano mw-iki gihugu nagire ndababwire, turafise inkozi z-ikibi, barabuze ingene boguma batuntuza abarundi. Tuguma tubona dusanga dutoye umuntu bamwishe tukarondera, ariko nagomba ndababwire uwo murwi tuguma tuwuhiga kandi hari n-abamaze gufatwa muribo hanyuma twarasanze mbere hariho n-abajejwe umutekano barimwo»

Uwo asanzwe arongoye uburundi iki gihe yarongeye aravuga kandi ko hari abanyuruzwa baba batwawe n-imirwi y-iterabwoba. Iyo mvugo yashimangiwe na Perezida Ndayishimiye ikaba ije gusa n-amajambo yama yashikirijwe na Petero Nkurikiye asanzwe avugira ubushikiranganji bw-umutekano mu kwemezako abamaze igihe baburwa irengero mu Burundi baba bagiye mu mirwi irwanya Leta y-uburundi nka RED-TABARA hamwe na FNL y-uwitwa Aloys Nzabampema, iyo mirwi nayo ikaba ifise ibirindiro mu buseruko bwa Congo iharanira intwaro rusangi.

Ishirahamwe FOCODE mw-isekeza ryaryo NDONDEZA  risanzwe rikwirikirana cane abarundi baguma baburwa irengero rivuga ko rikenguruka cane ku ntambwe ya mbere Perezida Ndayishimiye ahaye atera mu kwemera ko hari abajejwe umutekano banyuruza abarundi, ivyo iryo shirahamwe ryigenga ryama ryasohoye  mu matohoza yaryo, aho abarundi batari bake bamaze kuburwa irengero babanje guhagarikwa n-abari mu nzego z-umutekano z-uburundi (iperereza, igipolisi hamwe n-igendereza rya gisirikare) Abicishije ku rubuga rwiwe rwa facebook,  Pacifique NININAHAZWE arongoye isekeza NDONDEZA arongera akamirira kure ivyo perezida Ndayishimiye yavuze kubijanye nuko ku rundi ruhande hari abarundi banyuruzwa n-imirwi y-iterabwoba, kubwiwe, ngo yari gutomora neza iyo mirwi iyariyo ndetse akanatanga amazina y-abarundi bamaze kunyuruzwa n-iyo mirwi maze ukuri kukagaragara kubijanye n-abariko bahekura abarundi.

Must Read

Ifaranga ry’uburundi ribandanya rita agaciro uko bukeye uko bwije.

0
Amazu yo kuvunja ammafaranga mvamakungu amaze imisi ashira ahabona ibiciro vy’ayo mafaranga ukwo avunjwa. Ikihaye kiboneka nuko ifaranga ry’uburundi ririko rita agaciro ku rugero...