NEWS

Umukinyi Papy Faty yashinguranywe iteka mw’itongo ry’abapfuye ku Mpanda

By

on

Ikiziga c’umukinyi w’Intamba mu Rugamba Papy Faty cashikanywe kur’uyu wa kane ku kibuga c’indege ca Bujumbura kivanywe mu gihugu ca Swaziland ubu basigaye bita Eswatini. Akaba yitavye Imana itariki 25 ndamukiza 2019 mu kibuga ariko arakinira umurwi wiwe witwa Malanti Chiefs FC wariko ukina na Green Mamba.

Abavyeyi biwe, abavukanyi, ababanyi, umuryango wiwe, abakinyi bahora bakinana mu murwi nserukira gihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba, abategetsi batandukanye muri Fédération de Football du Burundi ‘’FFB’’ baribaje kumuherekeza ubwanyuma. Ukumusezera ubwanyuma bikaba vyabereye ku bitaro Kira.

Umukinyi Papy Faty akaba yahitanywe n’ingwara y’umutima, iyo ngwara akaba yayimenye akina umupira w’amaguru mu gihugu c’Urwanda. Akaba yaciye ahagarika umupira amezi atari make inyuma yogusubira gukina umupira yumvise amagara amukundiye. Akaba yitavye Imana ashikanye Intamba mu Rugamba mw’ihiganwa ryanyuma rya CAN. Benshi bakabibonamwo ubutwari.

 

Recommended for you