NEWS

Umukenyezi yiteguriye kwitoza ngo atware Uburundi. Muriteguriye kumutora?

on

Umugambwe APDR waraye ushize ahabona umukenyezi azowuserukira mu matora y’umukuru w’igihugu azoba mu mwaka wa 2020, baba batsinda canke batsindwa bakaba biyemeje kumurungika abaserukire.

Ivyo bikaba bibaye nk’imboneka rimwe muri kahise k’Uburundi aho umukenyezi aserukira umugambwe kanaka mu matora y’umukuru w’igihugu.

Uyo mukenyezi yaserukiye umugambwe APDR ni Fidélité NIBIGIRA(kw’ifoto) ngo azowuserukire mu matora y’ikibanza c’umukuru w’igihugu.

Igitangaje n’uko uwo mugambwe witeze guhangana n’ibihangange nka CNDD, CNL nabandi urongowe n’umugabo ariwe Gabriel Banziwitonde maze akaba yashimye gushira imbere uyo mukenyezi, na cane cane ko bavuga ‘Ladies First’.

Uwo mugambwe ukamanyesha ko wiyemeje kwitaba amatora yose ata kuyavamwo nk’uko imigambwe imwe imwe ikunze guca iyacira hagati kubera ivyo batumvikanye na leta iba iriko itunganaya ayo matora.

Vyitzezwe ko itora ry’umukuru w’igihugu, itora ry’abashingamateka hamwe n’itora ry’abajenama b’amakomine rizoba kw’igenekerezo rya 20 Rusama umwaka wa 2020.

Ukwiyamamariza ivyo bibanza bizoba vyuguruwe kuva kw’igenekrezo rya 27 Ndamukiza gushika 17 Rusama umwaka wa 2020.

Recommended for you