NEWS

Umukenyezi n’abana bane barasubijwe mu rugo muri commune Mugamba

By

on

Kur’uyu wagatandatu umushikiranganji w’ubutungane, Aimee Laurentine Kanyana, niho yigira wenyene mu ntara ya Bururi muri commune Mugamba kwirabira amatati ari hagati y’umugabo Jean Claude Hafashimana n’umukenyezi wiwe. Uwo mukenyezi nawe yaramaze indwi zibiri aryama imbere ya commune Mugamba kuva aho yirukaniwe n’umugabo wiwe amuhora ubwoko.

Uwo muryango ukaba warimwo abana bane, batatu bavyaranye n’uwo mugabo n’uwundi uwo mugabo yavyaye hanze. Umushikiranganji w’ubutungane Aimée Laurentine Kanyana akaba yamenyesheje ko yamenye ingorane z’uwo mupfasoni ku mbuga ngurakanabumenyi. Umushikiranganji w’ubutungane atanganzwa n’ingene ico kibazo kitatorewe umuti n’abajejwe intwaro ku mutumba aho muri commune Mugamba.

Abajejwe intwaro n’ubutungane muri commune Mugamba bakamenyesha kwico kibazo cari cabarengeye. Umushikiranganji Aimée Laurentine Kanyana yamenyesheje ko naho uwo mukenyezi atanditswe imbere y’amategeko n’umugabo wiwe yahavyariye abana. Arinako gutegeka uwo mugabo kugurura inzu kugira abana n’umugore binjire ariko uwo mugabo aranana aranka ko badashobora kwinjira.

Inzego z’umutekano zaciye zibomora uwo mugore abona kwinjira kumugoroba wo kur’uyu wa gatandatu. Uwo mugabo nawe ajanwa mu gasho ka komine Mugamba kugutinya ko haba imishamirano. Umushikiranganji w’Ubutungane yasavye uwo mugabo kubana banditswe mu mategeko canke bifuza kuvana babicishe m’ubutungane baravye ineza y’abana.

Buramatari w’intara ya Bururi, Frederick Niyonzima, yari yahishikiye avuze k’uyo mugabo yagendeye ku mohe ya nyina n’abiwabo b’umugabo batabona neza uwo mugore. Mwomenya kw’ingo nyinshi mu Burundi zibanye zitanditswe imbere y’amategeko, iyo hadutse amatati bigaca bitara ingorane umugore n’abana kuko badaheza ngo baronke ivyo bategerezwa kuronka.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply