NEWS

Umuhuza w’Abarundi mushasha yatowe mu bashingamateka ba CNDD FDD

on

Inama nshingamateka y’Uburundi yatoye Edouard NDUWIMANA yahora ari icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nshingamateka, akaba ariwe abaye umuhuza w’Abarundi (Ombudsman). Agiye mu kibanza cahoramwo Mohamed RUKARA yahejeje ikiringo ciwe.

Abantu bagera kuri 17 nibo bari basavye ko bohiganirwa ico kibanza c’umuhuza w’Abarundi, umurwi wiga ivy’abohiganwa ukaba wamenyesheje ko wasanze icenda muribo badakwije ivya ngombwa bisabwa abahiganwa. Umunani basigaye baciye bakora ibibazo, Edouard NDUWIMANA akaba ariwe yabarushije, ku manota 69 kw’ijana, akurikirwa na NTANGIBINGURA Amissi yaronse amanota 37 kw’ijana, nayo Prosper BAZAMBANZA yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu aronka amanota 32 kw’ijana. Inama nshingamateka y’Uburundi yaciye ishikirizwa izina rya Edouard NDUWIMANA yabaye uwa mbere, kugira yemezwe canke ahakanwe muri ico kibanza.

incl

Abashingamateka b’Uburundi baciye bemeza Edouard NDUWIMANA nk’umuhuza w’Abarundi, akaba yatowe ku majwi 91,3 kw’ijana, ni ukuvuga ko abashingamateka 106 bamwemeje, abandi icenda baramuhakana, umwe nawe akaba ataco yashimye kumuvugako.

Ikibanza uwo yatowe yahoramwo c’ukuba icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nshingamateka caciye gishirwamwo uwitwa NKURUNZIZA Jackie Chantal, uwo nawe akaba yatanzwe n’abashingamateka bakomoka mu mugambwe CNDD FDD usanzwe ariwo Edouard NDUWIMANA yarimwo. Uwo NKURUNZIZA Jackie Chantal ni umututsikazi avuka mu ntara ya Ruyigi, akaba yemejwe n’abashingamateka 111.

Imbere y’uko atangura amabanga icese, Edouard NDUWIMANA umuhuza mushasha w’Abarundi azorahira imbere y’umukuru w’igihugu kuri uwu wa kabiri. Ni umututsi avuka mu ntara ya Kayanza, akaba yarigeze kuba umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

Recommended for you