Abadandaza b-ibiterwa bagiye kworoherezwa mu kugurisha ibiterwa canke imiti y-ibiterwa biciye mu muhora umwe w-ubuhinga bwa none bita «guichet unique électronique » kuva mu ntango z-umwaka w-2022. Bikaba vyashikirijwe kuri uyu wa gatatu n-umushikiranganji w-ibidukikije, uburimyi n-ubworozi mu kiganiro yahaye abanditsi n-abamenyeshamakuru.
Déo-Guide RUREMA akamenyesha ko urwo rudandazwa ruzotuma umwimbu wiyongera ndetse abakora urwo rudandazwa bakaronka impusha vyoroshe. Ikindi umushikiranganji Rurema avuga nuko uwo muhora uzotuma ivyanditswe bibikwa neza mu vyuma nyabwonko kugira ntihabemwo ubusuma butuma imyidondoro yatanzwe ihinduka canke haba abayiyitirira atari iyabo.