Inama ya komite nkuru y-umugambwe CNDD-FDD yapfunditse ko uzoguma ufata umuhisi Perezida Nkurunziza nk-umushinge uwo mugambwe uzoguma wubakiyeko. Vyashikirijwe kuri uyu wa gatandatu na Réverien Ndikuriyo , Umunyamabanga mukuru w-umugambwe CNDD-FDD, hari mu ntara ya Bujumbura benshi bita «Rural».
Ndikuriyo ati :« Sokuru wacu yaraduciriye inzira, igihugu kimeze neza, abarundi baravugana, barakundanye, kabisa tubandanye iragi ry-abasogokuru nivyo! Iyo tuvuze sogokuru benshi ishavu riraniga kuko mu Burundi baranka ko umuntu agira sekuru! Abagumyabanga tugire Petero Nkurunziza umushinge mu mugambwe wacu, biri no muvyapfunditswe n-inama ya komite nkuru y-umugambwe CNDD-FDD yabaye mu matarike ya 26, 27 mu mwaka uheze ati twubakire système yacu kuri Petero Nkurunziza mu gufasha umukuru w-igihugu mukurangura programme yishinze. Kurya aba katorika bavuga bati uri petero tukwubatseko ekeleziya, natwe tuvuge duti uri Nkurunziza tukwutseko système imyaka ibihumbi n-ibihumbi»
Umunyamabanga mukuru w-umugambwe CNDD-FDD akaba kandi yarashikirije muri uwo mugambwe arongoye ko bafise intumbero yuko urwaruka rw-uburundi rwoza rurahabwa inyigisho zo gukunda igihugu , kugikorera no kukirwanira bibaye ngombwa.