NEWS

Umuhari RED-Tabara uremeza ko habaye imigwano hagati y’ingabo zawo n’ingabo z’Uburundi.

on

Mu gihe kuva mu ndwi turangije ku musi wa kane hatangura imigwano mu gihugu kibanyi n’Uburundi yahuje ingabo za Kongo FARDC n’ingabo z’umuhari w’abarundi zomuri RED-Tabara, uwo muhari wahavuye usohora itagazo umenyesha ko iyo migwano yabaye koko, kandi ko n’ingabo z’Uburundi zagize uruhara muri iyo migwano.

Umuvugizi wa Gisirikare c’Uburundi, Floribert Biyereke yari yahakanye ko ata ngabo imwe y’Uburundi yajabutse ija muri Kongo muri iyo migwano na RED-Tabara.

Muri iryo tangazo ryagiye ahabona ejo ku wa 5 Munyonyo 2018, uwo muhari wavutse mu 2015 wamenyesheje ko abasirikare bashika ku 30 b’Uburundi bahasize ubuzima hamwe n’abandi bakomeretse, hama ibigwanisho birafatwa.

Recommended for you