NEWS

Umuhari Mushasha Urwanya Leta y’Uburundi Wiyise MOPAP-Amasatira Wavutse.

on

Mw’itangazo umuhari wo kurwego rwa Politike n’ukugwana washize ahabona ku rubuga rwabo rwa Twitter, uyo mugwi mushasha wiyise MOPAP-Amasatira( Mouvement Populaire d’Action Patriotique) wamenyesheje ko uje wiyemeje umugambi wo gukuraho abagize leta y’uburundi, abo uyo murwi wise “akagwi k’inkorabara kifatiye ubutegetsi”.

Ivyo bishitse inyuma yaho umurwi nawo waheruka kuvuka ariwo FPB wabuze indongozi zawo zine zikomeye, gushika nubu nta wuramenya aho neza neza abo bafatiwe mu gihugu ca Tanzaniya bari. Icivugo c’uwo muhari MOPAP-Amasatira kikaba ari: “Uburundi- Ibikorwa- Amajambere”.

Nkuko uwo murwi ubimenyesha, ku rwandiko rwasinyiwe I Rukambasi, mu ntara ya Makamba mu bumanuko bw’Uburundi, uyo murwi ukaba ufise iyi ntumbero: MPOP-Amasatira, umurwi w’ivyapolitike n’intambara, umugambi wo kurwanya Leta y’Uburundi,…

Mw’itangazo ryagiye ahabona ku rubuga rwa Twitter ku wa 27 Gitugutu 2017, uyo muhari wamenyesheje uti: “ Kubera ko abantu batari bake ataco batakoze kugira bumvishe no gutahuza ako kagwi k’inkorabara, ariko vyose bikaba vyabaye impfagusa, Umuhari MOPAP wahisemwo gutanguza igikorwa ciswe ‘OPERATION BEMEZE’ kizokorwa n’abana b’igihugu bagikunda kandi bemera no kucigura…”.

Isomere ngaha hepfo iryo tangazo ryasizwe ahabona nuyo Muhari mushasha MOPAP- Amasatira:

Recommended for you