NEWS

Umuhari FOREBU Urabeshuza Ivyo Umuhari FPB Uherutse Kuvuga.

on

Ibiro bikuru vya Gisirikare vy’Umuhari FOREBU( Forces de la République du Burundi), uwo muhari urongowe na Général Godefroid Niyombare, wakiranye ugutangara ivuka ry’umuhari mushasha wiyise FPB, waje uvuga ko FOREBU itakihari ahubwo ko uwo muhari FPB( Forces Populaires du Burundi) wavuye muri FOREBU maze ni abarongozi bashasha bawo barashirwa ahabona.
Uyo muhari FOREBU umenyesha ibi bikurikira:

1.Ibiro bikuru vya gisirikare vya FOREBU vyaramenye biciye kwijwi ryaciye ku rubuga ngurukana bumenyi ivuka ry’umuhari FPB, kandi bikaba vyagize ico bikoze.

2.Ibiro bikuru vya gisirikare vya FOREBU biranezerezwa nuko vyashoboye kunesha abo bose bashatse gusambura uyo muhari kuva mu kwezi kwa Rusama 2017.

3.Ibiro bikuru vya gisirikare vya FOREBU birashima ukubona kure kwabagize uyo muhari, abakora batiziganya kugira babungabunge ubwigenge bwabo bwa Politike buva mu masezerano ya Arusha.

4.Ibiro bikuru vya gisirikare vya FOREBU biremeza ko Umuhari FOREBU utigeze ugira iciyumviro co guhindura izina kandi ukaba utaniyumvira kubikora, kubera ko Ibiro bikuru vya gisirikare vya FOREBU arivyo bibikora ku rwego rwa politike hisunzwe amasezerano y’I Arusha noguhagarika intamabara.

5.Ibiro bikuru vya gisirikare vya FOREBU birashima ukuntu uyo muhari watunganije neza ivyo guhanahana amakuru. Biraremesha kandi abawugize bose ko botegura ibikorwa vyabo ubu ata kibasamaza, bakongera bakirinda gukora amatangazo adafise ishingiro.

6.Ibiro bikuru vya gisirikare vya FOREBU biripfuriza ukuroranirwa umuhari mushasha FPB maze FOREBU igasaba uyo muhari gutunganya ubutegetsi bwawo neza maze wirinde kugira inzankano zidakenewe na FOREBU.

Bikozwe itariki 29 Myandagaro 2017.

Recommended for you