NEWS

Umuhagarikizi Mushasha W’Umugwi Wa ONU Ukora Amatohoza Mu Burundi.

on

Umukuru w’Umurwi wa ONU Ujejwe Agateka ka zina muntu Human Rights Council wagenye Doudou Diène umunya Senegal) kuba umuhagarikizi mushasha w’umurwi ujejwe gukora amatohoza ku mabi yabaye mu Burundi. Umukuru wa Human Rights Council, umunya Slovenia Vojislav Šuc, yabitangaje ejo ku wa 01 Ruhuhuma 2018.

Doudo Diene, uwufise uburambe cane mu bijanye n’agateka ka zina muntu, yigeze gukora ari uwutanga amakuru adasanzwe ku bijanye n’ivangura amoko kandi akaba yari Umuhinga yigenga mu bijanye n’agateka ka zina muntu muri Cote d’Ivoire, agiye gusubirira Fatsah Ouguergouz( Algeria) yahora ahagarariye umugwi ujejwe gukora amatohoza ku Burundi, uwatagaje muri Munyonyo 2017 ko atobandanije ahagarira uyo mugwi inyuma ya 31 Nzero 2018 kubera “impamvu ziwe”. Ambassaderi Vojislav Šuc arashimira cane Fatsah Ouguergouz ukuntu yitanze muri ayo mabanga yari yagenywemwo.

Ari umuhagarikizi w’Umugwi ujejwe gukora amatohoza ku Burundi, Doudou Diene agiye gukorana na Francoise Hampson (Umwongereza) hamwe na Reine Alapini Gansu (Benin), bose uko ari batatu bagakorera hamwe muri uyo murwi w’amatohoza ku Burundi.
Abo bagenywe bagiye kubandaya bakora amatohoza ku bijanye n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu n’ihohotera mu Burundi kuva muri Ndamukiza 2015 maze bafashe cane mu bijanye no kurwanya ukudahana, bongere bashire ahabona abakoze amabi maze babihanirwe.

Ku wa 29 Nyakanga, Human Rights Council yahisemwo kwongereza ikiringo c’umwaka ku matohoza akorwa mu Burundi maze bikaba vyitezwwe ko amatohoza azoja ahabona muri Ntwarante na Ndamuykiza 2018, hamwe n’amatohoza ya nyuma yitezwe kuja ahabona muri Nyakanga 2018.

Mu gihe Fatsah Ouguergouz atarabwa ryiza na leta y’I Bujumbura kubera igikorwa yashinzwe, ubwo uyo Doudo Diene wewe bizomworohera gukorana na leta y’I Bujumbura? N’ahon akanya…

Recommended for you