NEWS

Umugwizatunga atanga amahera y’agaciro yarafashwe i Bujumbura

By

on

Uwo nawe akaba ari uwitwa Jackson Simbananiye batazira Kirahwata. Akaba azwi cane mu gisagara ca Bujumbura kuba ari umuvunjayi bose barabirako kugira bavunje amahera yabo mu gatondo. Akaba afise amazu avunjiramwo n’abakozi batari bake akoresha. Akaba yafashwe ahejeje kuvunja amadolari 200 y’amahera y’abanyamerika kugiciro ca 3100 Fbu kw’idolari imwe mugihe i banki nkuru y’igihugu itanga 1847,1 Fbu kw’idolari imwe.

Igipolisi camufashe kikaba camenyesheje ko caciye gitwara amahera arenga gato imiliyoni 101 y’amahera y’amarundi, amadolari ibihumbi 54.571, amanyaburaya 5060, amashilingi yabatanzaniya 287.000 hamwe nama pounds 1.080. Ayo yose akaba yaciye ajanwa mu kigega c’Ibanki nkuru y’igihugu.

Ivyo bikaba bibaye mu gihe umukuru w’iyo banki nkuru y’igihugu, Ciza Jean, ashiriyeho itegeko rishasha rigenga kuvunja amahera atari y’Uburundi. Iryo naryo rikaba ryategeka abavunja amahera bose m’Uburundi ko bokwisunga ibiharuro Ibanki Nkuru y’igihugu ivunja kumusi kumusi. Ivyo rero bikaba vyateye ubwoba abavunja ayo mahera, ubu bakaba bavunja kukimenyane batinya ko atari polisi ije kubafata.

Recommended for you