NEWS

Umugwi w’Abahinga Ba ONU Baremeza ko FOREBU Ari Umuhari Witwaje Ibigwanisho Mu Burundi.

on


Nkuko inyandiko z’Umurwi W’abahinga ba ONU zanditswe itariki 10 Myandagaro 2017 zivyerekana, umuhari witwaje ibigwanisho FOREBU mu Burundi urakorera muri Kongo ufise abarwanyi bari hagati ya 300 na 500. Nkuko bimenyeshwa, uyo muhari ukaba ufise umuyobozi ariwe Hussein Radjabu.

Nkuko biboneka muri izo nzandiko z’abo bahinga ba ONU, “umuhri FOREBU( Forces Républicaines du Burundi) warabaye wo muhari ukomeye muri iki gice c’umwaka wa 2017 ukorera muri Kongo”. Muri urwo rwandiko, baravuga ko kuva muri Kigarama 2015, uyo muhari wahora urongowe na Edouard Nshimirimana, uwari yatorotse igisirikare c’Uburundi.

Mu gace uyo muhari watsemwo indaro henshi, ico candiko cerekana ko ari mu karere ka Uvira na Fizi muri Kongo, aho uwo muhari ugizwe ahanini n’abasoda batorotse igisirikare c’Uburundi, abakoreye imyimenyerezo mu muhari RED-Tabara( Résistance pour un Etat de Droit) batashimye uko uwo muhari wa RED tabara wakora maze bifatanya na FOREBU, harimwo n’abinjizwa muri uwo muhari wa FOREBU bava mu nkambi y’impunzi ya Lusenda.

Hussein Radjabu aravugwa ko ariwe arongoye umuhari FOREBU.

Muri urwo rwandiko nyene, haravurwamwo ko Edouard Nshimirimana ariwe atwara umuhari FOREBU ku rubuga, mu gihe Hussein Radjabu ariwe arongoye uyo muhari ku rwego rwa Politike. Hussein Radjabu akaba yahoze mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD maze atoroka avuye mw’ibohero, ubu akaba atwi aho ari neza na neza.

Ku vyerekeye ingene uyo muhari FOREBU wisuganya ( uwuvugwa ko wari ufise abarwanyi bashika 500 gushika muri Rusama 2017), benshi mu baja muri uyo muhari baragenda baciye mu kiyaga Tanganyika bavuye ku kivuko ca Rumonge, maze bakaja mu turere turi hafi y’ikambi ya Lusenda. Hari na bamwe mu bagize uwo muhari FOREBU bafise amakarata yo kuronkereko imfungurwa za HCR nk’impunzi muri Lusenda.

Ntawokwirengagiza ko uko kahise k’Uburundi kamye kari, imihari irwana yatanguye buhoro buhoro gushika irakomera maze inganda ziratikira, na cane cane aho wasanga abinjira iyo mihari irwana bava mu makambi y’impunzi. Mukamenya ko uwo muhari wa FOREBU ufise icivugo co kurwanya ubutegetsi bw’I Bujumbura, ubwo uwo muhari ubona ko butemewe n’amategeko.

Recommended for you