NEWS

Umugwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi ugiye kwongezwa ikiringo.

on

Mu nama ya 39 iriko ibera i Geneve, haramutse hashikirizwa ca cegeranyo cashirwa ahabona n’umurwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi, icatumye abakoze ico cegeranyo biyamirizwa na Leta y’uburundi hamwe n’ico cegeranyo nyene.

Muri iyo nama ya 39 i Geneve, icashizwe imbere n’uko umurwi washinzwe na ONU ngo ukore amatohoza ku Burundi ‘wokwongerwa ikindi kiringo mu kubandanya amatohoza ku Burundi’. Ibi navyo leta y’Uburundi ikaba itabishigikira.

Bachelet, mushasha arongoye Umurwi wa ONU ujejwe agateka aka zina muntu, UN Human Rights Council, nawe yamaneyesheje ko arajwe ishinga n’ukuntu amabi abandanaya yiyongera mu Burundi, aho yamenyesheje ko ‘imbonerakure zibica bigacika‘ nk’uko icegeranyoca mbere cabivuze.

Bachelet yanamenyesheje inkuru yashizwe ahabona n’uwahunze Uburundi inyuma y’amatora y’ibwirizwa shingiro yamenyesheje ko ‘imbonerakure mu Burundi zikomeye gusumba n’igipolisi’.

Uko bigaragara, biraboneka ko ivyo leta y’Uburundi yari yiteze kuri Bachelet bitabaye vyo, ahubwo ko aje ahamvya abandi aho bagejeje mu mataohoza…None ubwo leta y’i Bujumbura ntigiye gushira mu ngiro ivyo yavuze ko igiye kuzoca iva mu murwi wa ONU ujejwe gukora amatohoza?Tubirindire…

Recommended for you