NEWS

Umugwi wa Mkapa mu Biganiro na CNARED mu Bubiligi.

on

Intumwa zitandatu zarungitswe n’ibiro vy’umufasha mu biganiro bihuza Abarundi birongowe na Benjamin Mkapa, ziri mu gihugu c’Ububiligi kugira zibonane n’abatavuga rumwe na leta y’i bujumbura bari hanze y’igihugu.

Mu makuru yashizwe ahabona n’umuvugizi w’ubufasha muri ivyo biganiro bihuza Abarundi, Macocha Moshe Tembele‏ , amEnyesha ko abo batandatu bagizwe n’abatanzaniya bane hamwe na ambasaderi wa kenya hamwe n’uwaserukiye Museveni.

Mwomenya kandi ko CNARED isanzwe itarabana ryiza n’ibiro vy’umuhuza n’umufasha mu biganiro bihuza Abarundi kubera ko abatavuga rumwe na leta bari hanze y’igihugu babagiriza ‘kuba begereye cane leta y’i Bujumbura, maze bakayihengamirako’.

Uwo mubonano ubaye inyuma y’aho haheruka kuba ibombora bombora mu runani rw’abatavuga rumwe na leta, CNARED, aho bagirizanya kunyonora ubutunzi bw’urwo runani.

Bikaba vyitezwe ko himirije kuba ibiganiro ku ncuro ya gatanu bizokwitabwa na leta y’Uburundi, naho yari yamenyesheje ko ata bindi biganiro bibera hanze bizoba, kandi ko imenyesha ko ‘ivyo biganiro bizobera mu Buganda vyoba ivya nyuma’.

Recommended for you