NEWS

Umugwi ukora amatohoza ku Burundi wasabiwe kwongerwa ikindi kiringo.

on

Mw’ikete ryandikiwe abaserukizi bo muri wa murwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu, United Nations Human Rights Council, i Geneve mu Buswisse, vyasabwe ko umugwi wa ONU ukora amatohoza mu Burundi wokwongerwa ikindi kiringo kubera impamvu zinaka bavuga muri urwo rwete rwagiye ahabona.

Amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu akaba yanditse iryo kete imbere y’inama ya UN Human Rights Council igira 39 iba kugira ngo umurwi washinzwe na ONU kugira ukore amatohoza ku Burundi ukore mu buryo bukwiye.

“Ukwongera ikiringo kindi umurwi wa ONU ukora amatohoza kuBurundi birahamabye cane kugira ngo ibijanye n’agateka ka zina muntu vyitabweho neza…”, niko hasomwa muri iryo kete.

Inyungu zo kwongera ikiringo uwo murwi wo gukora amatohoza mu Burundi ni ukuraba ko habandanya amatohoza akwiye ku bijanye n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi imbere y’uko amatora ya 2020 aba hamwe no kuraba neza ko umurwi ukora amatohoza ku Burundi ukora no ku bibaza usaga bidashirwa ahabona, nko mu bijanye n’amabi akorwa mu kibano.

Tubibutse ko Leta y’Uburundi iguma yankira gukorana n’uwo murwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi mu kureka ko abari muri uyo murwi binjira mu Burundi mu kazi kabo ko gutohoza ku mabi yakozwe guhera uri Ndamukiza 2015.

Recommended for you