NEWS

Umugumyabanga wa CNDD-FDD yandikiye Evariste Ndayishimiye ikete ryo ku mugaragaro.

on

Mu rwandiko rugizwe n’ipaje zitandtatu ruriko rukwiragizwa ku mbuga ngurukana bumenyi, haravugwamwo umugumyabanga wa CNDD-FDD umwe avuga ko ubuzima busa n’uko bwanse n’aho ari mu mugambwe uri kubutegetsi kandi akaba akora akazi.

Mu vyo uwo mugumyabanga ashira ahabona yandikira Evariste Ndayishimiye(umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD), harimwo igiturire, akarenganyo n’ibindi bikorwa bibi bikorwa kuri iyi ntwaro ya CNDD-FDD.

Ibi biramenyerewe kuba aho abanyagihugu bamwe bamwe barambirwa n’ubutegetsi kanaka bagahitamwo kubishira ahabona.

Twotanga akarorero k’ivyabaye mu bihugu vy’Abarabu nka za Tunisia, Egypte n’ahandi mu co bise Printemps arabe. Mu gihugu ca Tunisie vyarashitse aho umunyagihugu umwe yari yarambiwe n’ubuzima yari abayeho munsi y’Ubutegetsi bwari buhari ico gihe yafashe ingingo yo kwiyahura ku mugaragaro mu kwiturira ivyakurikiye vyatumye haba intureka zashikanye ku gukurwaho kw’ubutegetsi.

Biragaragara ko ubukene bwabaye ndanse mu Burundi aho abanyagihugu batanguye kubivugira ku mugararagaro. None bizohava bishika ko bazohava bahaguruka kugira bagwanye ubukene bwabaye ndanse?Ntawubizi…

Raba izo nyandiko zashizwe ahabona:

Recommended for you