NEWS

Umugambwe uri ku butegetsi umenyesha ko ibiganiro bibera hanze y’Uburundi bigiye kurangira.

on

Umugambwe uri ku Butegetsi mu Burundi, CNDD-FDD, wamenysheje ku wa 20 Gituggutu, 2018 ko ibganiro bigiye kubera i Arusha ku ncuro ya gatanu ari ivya nyuma bizoba bibereye hanze y’Uburundi.

Intumbero nyamukuru yo gukora ibiganiro vyo ku ncuro ya gatanu ni ugukwihweza ishirwa mu ngiro ry’urupapuro rw’inzira ku matora ya 2020 rwasinywe mu kwezi kwa Myandagaro n’abanyepolitike batari bake, aho bayaze ku nzira y’amahoro irama izotuma haba ukuja mu matora mu mahoro, niko CNDD-FDD yamenyesheje.


Urwo rupapuro rw’inzira rwsinywe mu ntara ya kanyanza mu Buraruko bw’Uburundi rukaba rusanzwe rutumvikanwako nabanyepolitike bose ,na cane cane ko abatavuga rumwe na leta, baba abari mu gihugu n’abari hanze y’igihugu batabona neza ko ibiri muri urwo rupauro rwinzira ari ibuhurizwako.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona ku wa gatandatu itariki 20 Gitugutu 2018 na CNDD-FDD ryavuze ko ‘ibindi bibazo bijanye n’ibiganiro vyatorewe inyishu mu matora y’Ibwirizwa shingiro ryashizwe ahabona ku wa 7 Ruheshi 2018, hamwe n’Umugambi w’Iterambere ry’Igihugu 2018-2027 watangujwe muri Myandagaro 2018’.

Ibiganiro vyo ku ncuro ya gatanu bihuza Abarundi bikaba vyitezwe gutangura ku musi wa gatatu itariki 24 Gitugutu 2018 i Arusha muri Tanzania.

Recommended for you