NEWS

‘Umugiw w’abatavuga rumwe na leta’ Wandikiye Museveni ‘usaba ihagarikwa’ ry’akamaramampaka.

on

Mw’ikete umugwi w’abatavauga rumwe na leta wandikiye umukuru w’igihuguu ca Uganda akongera akaba umukuru wa EAC kandi akaba n’umuhuza mu biganiro bihuza Abarundi, Yoweli Kaguta Museveni, uyo ‘mugwi w’abatavuga rumwe na leta y’i Bujumbura’ ugasaba uyo Museveni ‘ihagarikwa ry’akamaramampaka ko ku wa 17 Rusama 2018’.

Muri urwo rwandiko, abo batavuga rumwe na leta bakaba basaba Museveni gukoresha inguvu zose zishoboka kugondoza Leta y’i Bujumbura, abo batavuga rumwe na leta bita ko ari ‘Leta idahuye n’ibwirizwa shingiro’, ko hohagarikwa vyihuta amatora yo guhinyanyura ibwirizwa shingiro yo muri Rusama.

Abo batavuga rumwwe bakamenyesha ko mu gihe vyogaragara ko Umuryango w’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko wananiwe no gutorera umuti ikibazo c’Uburundi, icoba ciza n’uko ikibazo c’Uburundi coshirwa mu maboka ya ONU n’Ubumwe bwa Afrika.

Abatavuga rumwe na leta bibutsa kandi ko mu mwaka wa 1996, habayeho ibihano n’inzitizi mu vy’ubutunzi ku gihugu c’Uburundi kugira ngo intwaro yari ihari yemere ibiganiro yongere isangire ubutegetsi n’abo batavuga rumwe nayo ico gihe.

Soma ngaha urwo rwandiko rwasohowe n’abatavuga rumwe na leta bari mu buhungiro.Pierre Claver Mbonimpa na Jean Minani bakaba ari bamwe mu basinye kuri urwo rwandiko.

Recommended for you