Abantu batatu baje bava hanze y-igihugu c-uburundi nibo bamaze gutorwa ubwoko bushasha bwa Covid-19 bwitwa Delta. Vyaraye bimenyeshejwe n-umushikiranganji w-amagara y-abantu Umuganga Thadee Ndikumana mu rugendo yakoze kuri uyu wa kane ku biro bikuru vy-ishirahamwe mpuzamakungu vyitaho amagara y-abantu mu Burundi OMS.
Umuganga Thadee Ndikumana amenyesha ko izo ngenzi zitatu zatoweko uwo mugera mushasha wa covid-19 witwa Delta zibiri zaje ziva mu gihugu ca Uganda, uwundi umwe mu gihugu ca Somaliya. Uwo mushikiranganji amenyesha ko abantu batatu bavuwe uwo mugera barakira neza. Akahamagarira abarundi kuguma barikanuye mukwubahiriza ingingo zo kwikingira uwo mugera.
Tubamenyeshe ko Ubwo bwoko bushasha bwa Covid-19 bwitwa Delta busanzwe bukomoka mu gihugu c-ubuhindi bumaze igihe buriko burasasika inganda mu bihugu bitandukanye vyo kw-isi tutibagiye mu bihugu bibanyi vyo mu karere nka :Uganda, Rwanda, Kenya.