NEWS

Umugambwe wa 36, FCID-Imvugakuri, ugiye kuvuka mu Burundi

on

Umugabwe wa 36, FCID-Imvugakuri, ugiye kuvuka mu Burundi inyuma yaho habaye ivuka rimdi rya CNL ya Rwasa Agathon.

FCID-Imvugakuri( Front pour le Changement Ideologique et democratique) ukaba urongowe numwe mu bahoze mu runani Amizero y’Abarundi rwahavuye ruvamwo umugambwe CNL.

Umukuru wa FCID-Imvugakuri, Denis Nduwayo, yamenyesheje ko ‘batashimiye uko umugambwe CNL ukora hamwe n’ivypfuzo vyawo’ maze bahitamwo gushinga uwundi mugambwe.

Abajijwe nimba azoshobora kugorora ivyaninwe niyindi migambwe yamwitangiye imbere, umukuru wa FCID-Imvugakuri akavuga ko ‘baje bafise amaraso mashasha yo gukora vyinshi’.

Mwomenya ko mu Burundi hasanzwe hari imigambwe ishika ku 35 yemewe mu Bushuskiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Ariko bamwe nabandi baribaza ico iyo migambe yose ingana gutyo imaze gushikako kugira ngo intureka ziri mu Burundi zihagarare burundu.

Recommended for you