Kuva kuri uyu wa 14 Myandagaro 2021, umugambwe w-abadasigana UPRONA uramutswa indongozi nshasha igira 19 kuva uwo mugambwe uvutse. Olivier Nkurunziza yarasanzwe ari umunyamabanga mukuru w-uwo mugambwe akaba ariwe yatowe mw-ikoraniro ryabaye uno musi wa gatandatu.
Olivier Nkurunziza akaba asubiriye umushingamateka Abel Gashatsi yaramaze igihe arongoye uwo mugambwe wa Rwagasore. Abandi batowe bagiye gufashanya na Olivier Nkurunziza akaba ari David Mukanya agiye kuba icegera ciwe, hamwe na Jean de Dieu Niyonkuru yatorewe kuba umunyamabanga mukuru w-umugambwe.
Uwo agiye kurongora umugambwe wa Rwagasore akaba aje mu gihe uwo mugambwe umaze igihe kitari gito urangamwo indyane zifatiye k-uburongozi aho vuba cane hari abanywanyi bagera kuri batatu bafatwa nk-abakomeye mw-uwo mugambwe baheruka kwirukanwa mw-uwo mugambwe. Murabo, harimwo Gaston Sindimwo yahora ari icegera c-umukuru w-igihugu kuri manda ya gatatu y-ubutegetsi bw-umuhisi perezida Nkurunziza.