NEWS

Umugambwe SAHWANYA FRODEBU wahinduye abawurongora

By

on

Umugambwe SAHWANYA FRODEBU utavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA uramutswa indongozi nshasha kuva kuri uwu w’Imana. Petero Karaveri NAHIMANA niwe yatowe kugira abe umukuru w’uwo mugambwe.

Uwo asanzwe ari umuyobozi mukuru w’ishirahamwe COGERCO rijejwe guhingura ipampa mu Burundi yatowe mu matora yabaye kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 8 Mukakaro 2018.

Oswald NTAKIRUTIMANA nawe yatorewe kuba umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe, aho akaba ari mu gihe Leonce NGENDAKUMANA yagumanye ikibanza yahoramwo c’ukuba icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU.

Mwomenya ko uwahora aramutswa uwo mugambwe, Ferederiko BAMVUGINYUMVIRA abarizwa mu buhungiro mu gihugu c’Ububirigi, aho mbere asanzwe ari no mu nzego nyobozi z’urunani CNARED ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Recommended for you