NEWS

Umugambwe SAHWANYA FRODEBU uravuga igituma utateye umukono ku rupapuro rw’inzira rutegura amatora yo mu mwaka w’2020

By

on

Imigambwe 20 niyo yemeje urupapuro rw’inzira ruzoyishikana mu matora ategekanijwe mu mwaka w’2020. Iyo migambwe yateye umukono kuri urwo rupapuro inyuma y’inama yari yahuje iyo migambwe kuri uwu wa gatanu, mu ntara ya Kayanza. Imwe mu migambwe itavuga rumwe na Reta y’Uburundi ntiyateye umukono kuri urwo rwandiko. Aho twobabwira nk’umugambwe SAHWANYA FRODEBU.

Umugambwe SAHWANYA FRODEBU uvuga ko utateye umukono kuri urwo rwandiko, kuko bagitumirwa, batabwiwe ko inyuma y’inama hari urupapuro rw’inzira bazoterako umukono.

Phenias NIGABA, umuvugizi w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU amenyesha kandi biboneka ko urwo rupapuro rw’inzira rwateguwe imbere y’uko iyo nama iba. Kubw’uwo mugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA, urwo rupapuro rw’inzira ruje guhagarika ibiganiro bihuza Abarundi bibera hanze y’Uburundi, biriko birategurwa n’umuhuza w’Abarundi Benjamin William MKAPA.

Tubamenyeshe ko muvyo abanyeporitike bumvikanye muri urwo rupapuro rw’inzira harimwo ko abataronse akaryo ko kwiyandikisha kugira bazokwitabe amatora bokaronswa, hamwe n’uko abanyeporitike bari hanze y’Uburundi badakurikiranwa n’ubutungane botahuka kwitegurira amatora yo mu mwaka w’2020.

Recommended for you