NEWS

Umugambwe Sahwanya FRODEBU umenyesha ko uzokwitaba ibiganiro vyimirije.

on

Ibiganiro bihuza Abarundi bihuza Abarundi vyimirije kubera i Arusha mu gihugu ca Tanzania ku ncuro ya gatanu, biriko bituma imigambwe imwe imwe imenyesha aho ihagaze kuri ivyo biganiro bihuza Abarundi.

Umugambwe Sahwanya Frodebu, uvugiwe na Leonce Ngendakumana, wamenyeshejeko witeguriye kwitaba ivyo biganiro, naho biguma vyunguruzwa.

Leonce Ngendakumana akaba yamenyesheje kuri Radio Tele Renaissance ko ivyo biganiro vyokwitabwa na bose, aho harimwo Leta y’Uburundi hamwe n’abayishigikiye ku ruhande rumwe hama hakaba n’urundi ruhande rwokwitaba ibiganiro rw’abatavuga rumwe na leta.

Ariko rero, Leonce Ngendakumana hariho ukuntu yamenyesheje ko atabona neza ko ivyo biganiro bizohava biba kubera ukuguka vynguruzwa.

Leonce Ngendakumana yamenyesheje ko umugambwe wiwe witeguriye gutanga intererano ku biganiro vyimirije.

Mwomenya ko ibiganiro bihuza Abarundi vyungururijwe kwigenekerezo rya 24-29 Gitugutu 2018 kubera amatariki vyari vyashingiweko yahuriranye n’uko Uburundi bwibuka imisi mikuru ya Ndadaye na Rwagasore muri kuno kwerzi lkwa Gitugutu.

Recommended for you