NEWS

Umugambwe Sahwanya FRODEBU Uhamagarira Ukutitabira Ibikorwa Vyo guhinyanyura Ibwirizwa-Shingiro.

on

Umugambwe utavuga rumwe na Leta y’Uburundi, Sahwanya FRODEBU, umenyesha ko utazokwitaba isekeza ryo guhinyanyura ibwirizwa shingiro vyitezwe kuba muri Rusama 2018 kugira ‘amasezerano ya Arusha y’amahoro no gusubiza hamwe ntahonyangwe’, yasinywe muri Myandagaro 2000; niko icegera c’umukuru w’uwo mugambwe yamenyesheje ku musi wa gatatu itariki 20 Kigarama 2017 mu kiganiro n’abamenyeshamakuru.

Ku wa 12 Gitugutu 2017, niho umukuru w’igihugu, Pierre Nkuruzinza aheruka gutanguza isekeza ryo guhimiriza abanyagihugu ngo bazokwitabe ibikorwa vyo gutora ko ibwirizwa shingiro ryohinyanyurwa, aho yagabishije bikaze abohirahira ‘bakarwanya ivyo bikorwa vyo guhinyanyura ibwirizwa-shingiro’.

Leonce Ngendakumana yamenyesheje ati: “Ico abantu bibagira, n’uko twagwaniye akazoza ka Demokrasi mu Burundi, gushika yaho turonka uwitanzeko incungu ku bwa Demokrasi, umuhisi Melchior Ndadaye yagandaguwe ku wa 21 Gitugutu 1993 hamwe n’abandi bitangiye Demokrasi harimwo umuhisi Cyprien Ntaryamira yishwe itariki 6 Ndamukiza 1994. Nico gituma muri FRODEBU tudashobora gushigikira inzira iza itandukanye na demokrasi”.

Ngendakumana yamenyesheje ko umugambwe wiwe wiyamiriza wivuye inyuma iyo ngendo yo guhinyanyura ibwirizwa shingiro, kuko ku bwiwe, ico gisomwa gishasha c’ibwirizwa shingiro gishasha ‘gituma amakosa yakozwe mu myaka mirongo itanu iheze adahanwa’; maze FRODEBU igahamagarira abo bose kutitabira ivyo bikorwa vyo guhinyanyura ibwirizwa shingiro.

Recommended for you