NEWS

Umugambwe RANAC uvuga ko witeguriye kuja hamwe n’iyindi migambwe mu matora

on

Umugambwe RANAC(Rassemblement National pour le Changement)uvuga ko witeguriye guhangana na CNDD-FDD mu matora ya 2020 kubera ko ‘kurekera urubuga umugambwe CNDD-FDD gusa bisa no kuwuha intsinzi ya gusa’.

Umugambwe RANAC ukiri mu runani CNARED, umenyesha ko witeguriye kuja mu matora kugira uhiganwe n’igihangange c’Umugambwe uri ku butegetis, CNDD-FDD.

“Ku bwa RANAC, amatora ya 2020 arahambaye, kandi turiteguriye kuyajamwo kugira abe ayavamwo inkintu ciza”, niko Aloys Baricako, umukuru wa RANAC yamenyesheje.

Umugambwe RANAC umenyesha ko witegeuriye kwifatanya n’abanndi kugira ngo uhangane na CNDD-FDD.

“Turacari mu runani CNARED kubera ko rwamenyesheje ko ruzokwitaba amatora ya 2020, ariko turiteguriye gukorana n’abandi kugira dushike ku matora meza”, niko Aloys Baricako  yamenyesheje  ejo ku musi wa kane.

Umugambwe CNDD-FDD ukaba utarashira ahabona uwuzowuserukira mu matora y’umukuru w’igihugu mu mwaka wa 2020.

 

Recommended for you