NEWS

Umugambwe MSD washize Ahabona ‘Urupapuro Rw’inzira’ Rwoshikana Ku Matora Yizewe.

on

Umugambwe MSD utavuga rumwe na leta y’i Bujumbura, kandi ukaba urongowe na Alexis Sinduhije, uwusanzwe atarabwa ryiza na leta y’ I Bujumbura, nubu ntuhengeshanya kubandanya userura iryo ugona, aho ubu hoho wasohoye inzandiko ziriko ivyokwisungwa kugira Uburundi bushobore gushikira amatora meza kandi yizewe na bose.

Muri izo nyandiko, uyo mugambwe MSD uvuga ko hojaho intwaro mfata kibanza itarongowe na Pierre Nkurunziza, hama hakabaho amatora atarimwo ‘umusuniko n’agahato ku banyagihugu’.

Umugambwe MSD ukaba uvuga bimwe bimwe bikurikira:
1. Umukuru w’igihugu wo mu ntwaro mfata kibazna akwiye gushirwaho hisunzwe amategeko yashinzwe kandi yumvikanyweko imbere y’igihe.
2. Umukuru w’igihugu mu ntwaro mfata kibanza ntakwiye kwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu mu matora y’inyuma y’intwaro mfata kibanza.
3. Intwaro mfata kibanza ntikwiye kurenza ikiringo c’amezi 12.

Urwo rwandiko rwa MSD rukaba rwasinywe na Alexis Sinduhije ku wa 9 Ntwarante 2018.

Recommended for you