NEWS

Umugambwe MSD ‘ntucizeye ibiva mu Nama y’Umutekano ya ONU ku Burundi’.

on

Umugambwe MSD utavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Uburundi waraye usohoye itangazo ryerekana impagararo yawo ku bijanyer n’Inama y’Umutekano ya ONU yama ikora ku Burundi.

Iyo nama ya ONU yitezwe uyu musi wa 28 Rusama 2019 aho haza kuganirwa ku kibazo c’Uburundi.

Umugamwe MSD ukaba wamenyesheje ko ‘ata kintu kinini cokwitegwa kuva muri iyo Nama y’Umutekano ya ONU ku Burundi’.

MSD ikaba imenyesha ko ONU isa ‘niyahemukiye Abarundi mu kudashiramwo inguvu zikwiye’ kugira ngo ‘Abarundi basa n’ababohewe mu gihugu cabo babohorwe’, nk’uko MSD ibivuga.

MSD ica igaruka ku kibazo c’impunzi zirenga ibihugu amajana zahunze igihugu c’Uburundi mu mwaka wa 2015 ubu babayeho mu buzima bugoye cane kandi izo nama za ONU zama zakozwe ku Burundi ariko ntihagire ikivamwo.

MSD ivuga ko izo nama za ONU ‘ataco zikimariye Uburundi ku buryo Abarundi batoba bakizizera cane’.

Umugambwe MSD urongowe na Alexis Sinduhije ukaba nubu ukibandanya urugamba rwo gukuraho intwaro ihari ubu ya CNDD-FDD.

Iryo tangazo rikaba ryasinywe na Francois Nyamoya, umunyamabanga w’umugambwe MSD.

Recommended for you