NEWS

Umugambwe FRODEBU uridoga ko uburabuzwa k’urubuga

By

on

Hasigaye umwaka umwe n’amezi make ngw’amatora yo mu 2020 abe. Ariko k’urubuga imigambwe imwe ivuga ko itoroherezwa mu gukoresha amanama n’ibimenyetso vy’iyo migambwe bikarandurwa. Uwo ni nk’umugambwe FRODEBU uvuga k’utoreherezwa k’urubuga. Phenias Nigaba, umuvugizi w’umugambwe FRODEBU, amenyesha ko babujijwe gukoresha amanama i Makamba, mu Mabanda no muri komine Ruyigi.

Nkuko yabivugiye kuri radio Isanganiro Phenias Nigaba aramenyesha kandi ko amadarapo y’umugambwe FRODEBU yararandwe i Buganda, mu Kayanza n’i Nyanza-Lac. Umuvugizi w’umugambwe FRODEBU akavuga ko ivyo bitabaca intege kuko urugamba rwa demokarasi rubandanya. Akavuga ko ivyiyumviro vy’umugambwe umwe bitazogaruka mu Burundi. Phenias Nigaba agasaba iyindi migambwe gushira inguvu hamwe kugira bagwanire ubwigenge bwabo.

Umuvugizi w’umugambwe FRODEBU aravuga kandi ko integuro y’itegeko rigenga amataro batazi iyo ririko rirategurirwa. Aramenyesha ko bari batumiwe i Gitega kugira batange ivyiyumviro ariko ko batashoboye kwinjira aho iyo nama yariko irabera. Naho biruko umuvugizi w’umugambwe FRODEBU uvuga ko uyo mugambwe utazosiba amatora yo mu 2020.

Mu mugambwe UPRONA hoho barashima ingene bakorera k’urubuga naho vyose bitera ngo de. Olivier Nkurunziza, avugira umugambwe UPRONA, amenyesha ko amanama y’uwo mugambwe akorwa ukuri kwamye uruhusha ruboneste. Ati iyo habaye amatati naho aca yicarirwa kugira haboneke umuti.

Olivier Nkurunziza akavuga ko atawe basotora ko baja gukoresha inama iyo babarungitse. Akavuga ko ariko higeze gusamburwa ingoro y’umugambwe UPRONA muri commune Rugombo. Umuvugizi w’umugambwe UPRONA akavuga ko iyo ngoro yasubiwemwo, ubu itarasubira gusamburwa. Olivier Nkurunziza arasaba urwaruka ruri mu migambwe kwubahana kugira amatora yo mu 2020 azogende neza.

Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu hoho bavuga ko ivyo ari ibinyoma kuko atawuraza kwitwara ko yaburabujwe. Tharcisse Niyongabo, umwunganizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu akaba n’umuvugizi w’ubwo bushikiranganji asaba abarongoye imigambwe kwitura abajejwe intwaro mugihe hadutse kutumvikana. Tharcisse Niyongabo akavuga ko imigambwe ingana 33 iri k’urubuga kandi ko amaraporo atangwa ku mwaka ku mwaka.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.