Ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu , kutubahiriza ukwishira n’ukwizana biracibonekeza mu Burundi nkuko ivyegeranyo bitandukanye vy’amashirahamwe mpuzamakungu n’ayakorera hagati mu gihugu bivyerekana. Ivyo bivurwa na Pierre-Claver Nahimana arongoye umugambwe SAHWANYA FRODEBU ni inyuma y’imyaka irenga 29 uyo mugambwe umaze utsinze amatora yo kuwa mbere Ruheshi 1993.
Uwo arongoye umugambwe SAHWANYA FRODEBU mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane igihe hariko hibukwa isabukuru y’imyaka 29 ihaciye uwo mugambwe utahukanye intsinzi, avuga ko abari mu nzego z’umutekano bahoze mu mirwi irwana gushika ubu baguma bahagarariye imigambwe bavuyemwo muri iyo mirwi aho kuyirengera.
Pierre-Claver Nahimana ati :«Umugambwe SAHWANYA FRODEBU urararajwe ishinga n’ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu , iryo hohotera turaryumva kandi tukarisanga muvyegeranyo vy’amashirahamwe mpuzamakungu arwanira iteka rya zina muntu akorera ngaha mu Burundi , amashirahamwe mvamakungu nka za Human Lights Watch ,Amnesty international, imirwi ijejwe amatohoza, eka n’abandi bahinga b’amashirahamwe mpuzamakungu akorera muri ico gisata»
Kubw’iryo hungabana ry’agateka ka zina muntu ryibonekeza mu Burundi umugambwe FRODEBU uvuga, Pierre-Claver NAHIMANA aragira ico asavye Leta ihari ubu « kubw’ivyo rero, dusaba ubutegetsi butandukanye bw’igihugu guhindura iyo nyifato . mubari barafashe ibirwanisho ntibihisha bamwe bamwe mukwerekana ko bashigikiye imigambwe yavutsemwo mu mirwi bavuyemwo. Ukwivanga kw’abajejwe inzego z’umutekano mu bikorwa vy’umugambwe bisubiza inyuma intwaro ibereye, yisunga demokarasi hamwe rero n’iterambere ry’igihugu muri rusangi»