NEWS

Umugambwe FNL usaba ishirwaho rw’umurwi mushasha utegura amatora

By

on

Umugambwe FNL urongowe na Jacques BIGIRIMANA uvuga ko wakiriye neza igikorwa giheruka kubera mu ntara ya Kayanza, c’ugushiraho urupapuro rw’inzira ruzoshikana abanyeporitike mu matora yimirije yo mu mwaka 2020. Muri uwo mugambwe bavuga ko icari gikwiye gukurikira ari ugushiraho umurwi CENI utegura amatora mushasha, kuko abawugize ubu bahejeje ikiringo cabo.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane, Jacques BIGIRIMANA yamenyesheje ko vyari bikwiye ko amazina y’aboja muri uwo murwi yoshirwa ahabona kugira imigambwe itangure kuyaharirako, uwo mugambwe ugasaba ko Reta y’Uburundi yoshiraho kandi itegeko ritegura amatora.

Mu gihe ayo matora ariko ategurwa hakiri abanyeporitike bakiri hanze y’Uburundi, Jacques BIGIRIMANA arongoye FNL asaba Reta y’Uburundi ko yorungika intumwa zohumuriza abanyeporitike badakurikiranwa n’ubutungane bipfuza gutaha baze gutegura n’ukwitegurira amatora.

Imigambwe nayo, Reta y’Uburundi, hamwe n’abandi banyeporitike basabwe ko bokora ibishoboka vyose kugira bashire mu ngiro ibiri mu rupapuro rw’inzira atakivuyemwo, kugira amatora yo mu 2020 azorushe akanovera ayamaze kuba yose.

Recommended for you