Sunday, March 26, 2023
HomePoliticsUmugambwe CNL uvuga ko itorwa rya Bunyoni na Bazombanza ritaciye mu muco

Umugambwe CNL uvuga ko itorwa rya Bunyoni na Bazombanza ritaciye mu muco

Umugambwe CNL uvuga ko itorwa rya Alain Guillaume Bunyoni(Nutama 2) na Prosper Bazombanza ritaciye mu muco na gato.

Mu majambo uwo mugambwe wa Agathon Rwasa washize kuri Twitter, umenyesha ko itorwa rya Bunyoni Alain Guillaume batazira Mutama2) nk’umushikiranganji wa mbere hamwe na Prosper Bazombanza nk’icegera c’umukuru w’igfihugu vyabaye abashingamateka ao mu mugambwe CNL atariho bari.

 

Umugambwe CNL ukanamenyesha ko abo batowe n’Inama Nshingamateka iriko irangiza ikiringo cayo mu gihe vyari bitegetkanijwe y’uko bari gutorwa n’Inama Nshingamateka nshasha.

CNL igaca yibaza ko kumbure Inama Nshingamateka nshasha izohava yiyamiriza itorwa ryabo bategesti bo mu ntwaro nshasha ya Ndayishimiye Evariste.

Umugambwe CNL uca umenyesha ko habayemwo ubusuma kubera ko ivyo birori vyo gutora umushikiranganji wa mbere n’icegera c’umukuru w’igihugu vyari kuba ibihambaye ariko biba mw’ibanga ntangere ata wubizi mu bashingamateka ba CNL.

Mwomenya ko Alain Guillaume Bunyoni asanzwe ari munsi y’ibihano yashiriweho na Leta Zunze Ubumwe za Amerika n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya kubera ivyabaye mu mwaka wa 2015.

Must Read